Urukiko n’ahantu hiyubashe kandi hadakinirwa. Abantu bitezwe kwifata mu buryo bwerekana icubahiro ku Rukiko na gahunda y’ubutabera.
Igihe cose Majistrat yinjiye canke avuye mu cumba c’urukiko, ugomba guhaguruka no kunamika umutwe. Igihe cose winjiye canke usohotse mu cumba c’urukiko, ugomba kunamira Ikimenyetso ca Queensland. Ugomba kuvugisha Magistrat umwita “Nyakwubahwa” no guhaguruka igihe Majistrat akuvugisha.
Biritezwe ko abo bari mu cumba c’urukiko bazoceceka kandi bafise icubahiro. Ntugomba kuvuga keretse nimba Majistrat aguhaye ijambo. Ntugomba kurya, kunywa itabi, canke kurya jojo.
Igihe uri mu cumba c’urukiko, ukore ibishoboka kugirango isimu yawe ibe izimye canke iri kuri ntarusaku. Ntugomba gufotora canke gufata amajwi urubanza.
Urubuga rurafise ayandi makuru ajanye no kuja mu Rukiko n’ibikorwa vy’urukiko. Rurafise amahuzo (links) atari make ajana kubindi vyanditswe bifasha.